💃🎤 Paroles de chanson Française et Internationnales 🎤💃

 A   B   C   D   E   F   G   H   I   J   K   L   M   N   O   P   Q   R   S   T   U   V   W   X   Y   Z   0   1   2   3   4   5   6   7   8   9 
Artiste : Fabrice Nzeyimana
Titre : Mw´ijuru Imbere Y´Imana
Mw ijur´ imbere y´ Imana
Mfis´ Umunt´ amvugira
N´ Umuherezi Mukuru
Kandi yitwa Rukundo
Nzi ko mu mutima wiwe

Handitsw´ izina ryanje
Kukw amvugira nta mwansi
Yobasha kumunnyaga

Iyo Satan´ anyeretse
Ivyaha vyanje vyinshi
Agomba ko nihebura
Ndangamiza mw ijuru
Ndabay‘Umukiza wanje
Yankuyekw ivyo vyaha
Yarantsindanishirije
Ngo simbe ngipfa rubi

Uhorah´ Umucamanza
Ambonyekw‘amaraso
Ntancir´ urubanza rubi
Anyit´ ugororotse
Yaranyiguze nd´ uwiwe

Ni we bugingo bganje
Kukw adapfa singipfuye
Twe na Yesu tur´ umwe
Twe na Yesu tur´ umwe
Yaranyiguze nd´ uwiwe
Ni we bugingo bganje
Kukw adapfa singipfuye
Twe na Yesu tur´ umwe
Twe na Yesu tur´ umwe