Ibihe uko bibisanya Niko binyereka Ko Hari Imana Ubwoba n´agahinda kenshi Vyuzuye mu maso y´abo mw´iyi si
Inkuru nziza y´agakiza Ni uko hari Umwami Inyuma y´ibihe
Mutima wanje ni utekane Ntuterwe ubwoba n´imiyaga Mu muriro nuvuze inanga Mu mazi menshi ni uririmbe
Ivyizigiro n´amahoro Nabisanze iwawe Ni ushimwe Yesu Wakijije ubuzima bwanje Yaba ubw´uyu musi n´uburi imbere Ntaco mfise notinya Kuko kukugira Yesu Ntacobiruta
Mutima wanje ni utekane Ntuterwe ubwoba n´imiyaga Mu muriro nuvuze inanga Mu mazi menshi ni uririmbe
Buhungiro n´agakiza Gihome kinkingira Niwewe Nizigira Uri Yahweh uri Yahweh Rutare nihishamwo Mahoro muntambara Muco mu mwijima Uri Yahweh uri Yahweh Buhungiro n´agakiza Gihome kinkingira Niwewe Nizigira Uri Yahweh uri Yahweh Rutare nihishamwo
Mahoro muntambara Muco mu mwijima Uri Yahweh uri Yahweh
Mutima wanje nutekane Ntuterwe ubwoba n´imiyaga Mu muriro nuvuze inanga Mu mazi menshi ni uririmbe