đđ¤ Paroles de chanson Française et Internationnales đ¤đ
|
|
A B C D E F G H I J K L M N O P Q R S T U V W X Y Z 0 1 2 3 4 5 6 7 8 9
Titre : Ni Impore
Ubu n´amaboro mu mutima wanje
Kuko Yesu yankijije
Kandi har´ ikintu yanyigishije
N´ uko ntakwiye kwiganyira
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
Satan´ iy´anteye, akandas´imyampi
Numva mfis´ikindemesha
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna
Aranyigur´ arancungura
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti
Si bimwe gusa, ni vyose!
Inkibitwaye, yarabinduhuye
Iman´ ishimwe, Haleluya!
Noneho kubganje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa
Urupfu na rwo ruzomber´ inyungu
Yesu yanyujuj´ amahoro
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
Mw ishikiro ryacu ni mw ijur´ i bwami
S´epf´i kuzimu, bagenzi!
Twitege kwumv´ inzamba z´Umukiza
Uzogaruka ryari Yesu?
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje