💃🎤 Paroles de chanson Française et Internationnales 🎤💃

 A   B   C   D   E   F   G   H   I   J   K   L   M   N   O   P   Q   R   S   T   U   V   W   X   Y   Z   0   1   2   3   4   5   6   7   8   9 
Artiste : Fabrice Nzeyimana
Titre : Ni Impore
Ubu n´amaboro mu mutima wanje
Kuko Yesu yankijije
Kandi har´ ikintu yanyigishije
N´ uko ntakwiye kwiganyira
N´ impore, n´ impore

N´ impore mu mutima wanje

Satan´ iy´anteye, akandas´imyampi
Numva mfis´ikindemesha
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna
Aranyigur´ arancungura
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje

Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti
Si bimwe gusa, ni vyose!
Inkibitwaye, yarabinduhuye
Iman´ ishimwe, Haleluya!

Noneho kubganje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa
Urupfu na rwo ruzomber´ inyungu
Yesu yanyujuj´ amahoro

N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje

Mw ishikiro ryacu ni mw ijur´ i bwami
S´epf´i kuzimu, bagenzi!
Twitege kwumv´ inzamba z´Umukiza
Uzogaruka ryari Yesu?
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje

N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje
N´ impore, n´ impore
N´ impore mu mutima wanje