Hommy !! Hommy !! Muntu ugana iwacu Reka nkutume hariya kwa Mama Umubwire yuko mukumbuye Iyo mwibutse Oooh ndasarara Hommy !! hommy!! Muntu uja I Burundi
Ukagera hariya I Bujumbura Kumayira abiri Uti ndabakumbuye Igihe kazoza tubonane !! Uti nanse kubona nicwa n’inzara Nanse kubona Mama yicwa n’inzara Hageze igihe akazi karabura Kuko Abonse rimwe bashamiranye Layla akarira akarira, akabura ikimuhoza Kubwo kubura ico muha
Hariya iwacu kuri ya misozi “iwacu ndahakumbuye” Mfise intuntu yo gusubirayo “abiwacu ndabakumbuye” Hariya iwacu kuri ca kiyaga “iwacu ndahakumbuye” Mfise intuntu yogusubirayo
“Ab’iwacu ndabakumbuye
“(#Leyla) papa je t aime uzoza ryari kumbuye kumbuye “
Harya ubuto butegurira ubusaza Inkoni nzokwitwaza mu butama Ni ngombwa Ndayice nkiri muto Sije nabizanye ! Tuvukira mu bibazo Tukongera tukabikuriramwo Kuko tuzira ivyo tutazi Bigatuma tutabona imbere Ooooh!! Oooh!! MANA!!! Ehe amagara yarankitse Mu mahanga muc’abandi Ibibi burya bibaho No kwihangana bikabaho
Ariko uri iwanyu biroroha Ukihanganira vyose
Hariya iwacu kuri ya misozi “iwacu ndahakumbuye” Mfise intuntu yo gusubirayo “abiwacu ndabakumbuye” Hariya iwacu kuri ca kiyaga “iwacu ndahakumbuye” Mfise intuntu yogusubirayo “Ab’iwacu ndabakumbuye